Angola: Uwahoze ari umukuru w’abagwanyi Jonas Savimbi agiye gushinguranwa iteka

0 16-08-2018 - saa 20:45, vianney

Imva yuwahoze ari umukuru w’inyeshamba mu gihugu ca Angola Jonas Savimbi agiye guhambururwa biterenze mu mpera z’uyu mwaka wa 2018 kugira ashinguranwe iteka.

Amakuru dukesha iradiyo BBC amenyeshako ku musi wa gatatu uheze niho umukuru w’umugambwe UNITA awutwara ubu , Isaias Samakuva, yavuze ko yagiranye ibiganiro n’umukuru w’igihugu wa Angola Joao Lourenco bemeranya ko Jonas Savimbi agiye guhambururwa kugira ashinguranwe iteka.

Ayo makuru avuga ko mu ntango z’ukwezi kwa Myandagaro umukuru w’umugambwe UNITA Isaias Samakuva yagirije Reta ya Angola ko yanse ko Savimbi ashinguranwa iteka aho yavuze yuko vyerekana ikimenyetso co gukumira.

Jonas Savimbi yishwe kw’igenekerezo rya 22 Ruhuhuma umwaka wa 2002 aca ashingurwa inyuma y’umusi umwe yitavye Imana mu ntara ya Moxico iri mu buseruko bw’ico gihugu.

Inyuma y’indwi zitandatu yishwe umugambwe UNITA yararongoye waciye ushira umukono ku masezerano y’amahoro na Reta intambara yari imaze imyaka 27 irangira gutyo.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha