Amata y’ifu yitwa Picot, Taranis, Milumel, Pepti Junior yabujijwe gukoreshwa

0 12-01-2018 - saa 12:01, Jean De Dieu

Mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu,bamenyesheje ko ubwoko bw’amata bukogwa n’umugwi Lactalis, ayo mata nayo akaba ari ayitwa Picot, Taranis, Milumel, Pepti Junior, abujijwe gukoreshwa mu gihugu c’Uburundi.

Nk’ukwo bivugwa mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu, ayo mata arimwo imigera ya Salmonelles ituma uwuyanyoye ayogwa akana cibwamwo.

Kubw’ivyo ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwasavye abadandaza binjiza ibintu hamwe n’abasanzwe badandaza amata y’abana, ko boba maso, ubwoko bw’ayo mata yanduye ntazokwinjire ngo adandazwe mu Burundi.Barongera bagasaba ko amata yose yakozwe kuva kw’itariki 15 za Ruhuhuma ko yoba arahagaritswe.

Ku bavyeyi, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu busaba ko boba maso ngo ntibazohave bagwa mw’isanganya baguze ayo mata yanduye.Ubushikiranganji burongera bugasaba abajejwe amagara y’abantu mu gihugu cose ko bozitira bataronegwa, gutyo ayo mata ntihagire abayakoresha.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha