Amashirahamwe yo hanze akorera i Burundi agiye gusuzumwa ko akora yisunga itegeko riyagenga

1 14-09-2018 - saa 06:18, vianney

Icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nkenguzamateka akaba n’umuvugizi w’inama nkenguzametaka Anicet NIYONGABO amenyeshako hari umurwi w’abakenguzametaka ugiye kurungikwa mu mashirahamwe yigenga yo hanze y’igihugu akorera mu Burundi kugira barabe yuko mu gutanga akazi bisunga ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi kubijanye no kubahiriza ibitigiri vy’ubwoko n’ibitsina.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa kane igenekerezo rya 13 Nyakanga 2018,umuvugizi w’inama nkenguzamateka Anicet NIYONGABO yamenyesheje ko mu gutanga akazi amashirahamwe yo hanze y’igihugu akorera i Burundi ategerezwa kwisunga amategeko y’Uburundi hamwe hamwe n’imigambi igihugu kiba cashize imbere.

Anicet NIYONGABO yavuze ko ayo mashirahamwe yahawe ikiringo gikwiye c’amezi 6 kugira akore yisunga iryo tegeko kuva riteweko umukono.

Kubijanye n’amashirahamwe azoba atarakwirikiza iryo tegeko,Anicet NIYONGABO yavuze ati: “Itegeko rihari ryemejwe ritegerezwa gukurikizwa kuko itegeko ririganza ,abo tuzosanga batararyubahiriza tuzoca tubasaba bitunganye kugira barikwirikize kugira ibihano bijanye no kutubahiriza iryo tegeko ntibibakwirikirane.”

Itegeko rigenga amashirahamwe yo hanze y’igihugu ryateweko umukono kw’igenekerezo rya 23 Nzero umwaka wa 2017.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
nshimirimana dieudone 2018-09-20 19:46:29

Jew ico niyumvurir kurizomfashany zatanzwe.gufasha nivyiza cane!arik harizind ngo zikeny atarizabatw nukurab nazonyene zigafasha.

Kumenyekanisha