
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunda igihugu yahaye ikiringo c’amezi 5 amashengero adakwije ivyangombwa kugira yitunganye.
Ivyo yabishikirije mu nama ubwo bushikiranganji bwatunganije buriko busigurira abarongoye amashengero atandukanye ibijanye n’ivyahinyanyuwe mw’ibwirizwa shingiro.
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunda igihugu Pascal BARANDAGIYE yamenyesheje abo barongozi b’amashengero ko ico kiringo giheze ishengero idakwije ivyangombwa izoca yugarwa.
Muriyo nama, uyo mushikiranganji yabwiye abo barongozi kw’intererano y’amatora yo mu mwaka wa 2020 ku mashengero barongoye ari ngombwa.
Abarongozi bitavye iyo nama bamenyesheje ko intererano yabo izotangwa kuko nabo nyene ibijanye n’amatora bibaraba.
Jewe Sinatahuye, Ivy’Amashengero Atakwije Vyangombwa!
Nikibazo kurjewe? Nikuberiki? Yugawe. Nugusenga kumutima waburiwese. Gusenga tuveko. Xxx.
None nta shengero rishasha rizosubira kwugururwa mu Burundi?