Amafaranga abanyeshure bo mw’ishure nshingiro n’inyuma yaryo bazotanga yashizwe ahabona

12 20-07-2018 - saa 19:59, vianney

Ubushikiranganji bw’indero bufadikanijwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwasohoye itegeko rigenga amafaranga y’ishure abanyeshure babwirizwa gutanga aho umunyeshure yiga mw’ishure ry’indaro wo mw’ishure nshingiro rya Reta azotanga amafaranga angana ibihumbi 47 vy’amafaranga y’amarundi ku gice.

Mw’itegeko inomero 620/0417/07/2018 ryasohowe n’ubushikiranganji bw’indero hamwe n’ubw’amagara y’abantu kubijanye n’amafaranga abanyeshure batanga rimenyeshako umunyeshure wo mw’ishure ry’indaro ryigenga ribayabaye azotanga amafaranga ibihumbi 300 ku gice ariko kuwo mw’ishure ry’abifise bakazotanga amafaranga angana n’umuriyoni.

Iryo tegeko ry’ubwo bushikiranganji bubiri rivuga ko abo mu mashure y’inyuma y’ishure nshingiro biga muri reta atari mw’ishure ry’indaro bazotanga amafaranga ibihunbi 7 ku munyeshure kandi ku gice naho abiga amashure y’imyuga muri reta bakazotanga amafaranga ibihumbi 5 ku gice.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2  

1
Habonimana Reverien 2018-08-05 05:03:32

Sivyiza Nagato Kuduza Amahera Yishure Kurugero Nkugo,kuk Kuba Arinkgukumira Abatifise Nugushira Abana Bigihugu Mwibarabara Mugih Uburundi Bufise Intumbero Yokwigisha Bose.

2
Bitanga Juma 2018-07-28 16:38:18

Twebwe Tuja Kwishule Aruko Bagujije Inkwavu.Nkaca Mfata Urugendo Rwo Kuva Mu Cankuzo Nja Igitega.None Uyumwaka Sinziga?Nimurabe Mugabanure Natwe Twige Naho Mwayamaze.Burya Hagukora Ico Batagukoreye Ngo Wumve,wocihoza Ntiwogikorera Abandi.

3
kankindi 2018-07-24 08:20:32

nzoyabarihira ntimugire ubwoba

4
kankindi 2018-07-24 08:20:32

nzoyabarihira ntimugire ubwoba

5
Twaje 2018-07-23 15:07:24

Ntawurya akatamugiye kandi akagumye bagumako ndakubwirako kwariho uwuzoshobora kuyatanga akiga nihazobona kwiryoshure rifise akamaro kuko uwuryizemwo yikora kumufuko jewe ubumazekubona kwibintu bitagusavye amahera mbere afatika bacabavyita fake.

6
Bucumi Gérard 2018-07-23 08:00:31

Tubwire Neza,abiga Mu Ndaro Post-fondamentale Muri Leta Bazoriha Angah?

7
Kagabo 2018-07-23 00:14:30

Niyumvira ko muri EAC ari u Burundi bwo nyene amahera yo kwiga ari makeya. Simbona igituma turiko turarira. Barayamaze ngo: wambara ikirezi ntumenye ko cera. Muragende ahandi hose mw’iyumvira murabe amahera yo kwiga uko angana? Nta gihugu na kimwe ndababwiye. Mugende mubaze hose muri EAC aho mubona bari munsi y’uburundi muhambarire?

8
Bibonimana Côme 2018-07-22 17:26:43

iyongingo ndumva itaj yorohereza umwana wa nyarucari yarasanzwe yiga bigoyagoya.nukuraba bakacigako neza bakaraba ko atabana izoza ikumira

9
Bobonimana Côme 2018-07-22 17:16:20

nipfuza ko mwoza muradushikiriza amakuru atomoye kubibera muburundi nomumakungu

10
fabien havyarimana 2018-07-22 12:43:38

61362774

Paji: 1 | 2  

Kumenyekanisha