Aigle Noir uza mu kibanza ca mbere inyuma y’inkino z’umusi ugira 14 w’ihiganwa

2 5-11-2018 - saa 12:54, vianney

Ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu cicaro ca mbere mu Burundi ryarabandanije ku munsi waryo wa 14 imirwi ikaba yatsindanye uku gukurikira aho umurwi Aigle Noir wirahiye umurwi Les Lierres ibitsindo 2 k’ubusa bituma Aigle Noir uguma mu kibanza ca mbere n’amanota 38.

Umurwi wa Flambeau de l’Est watsinzwe n’umurwi wa Bujumbura City igitsindo 1 k’ubusa bituma Bujumbura City uduga mu kibanza ca gatatu mu gihe wahora mu kibanza ca kane,mu gihe umurwi wa Kayanza United watsinze umurwi wa Flambeau du Centre ibitsindo 2 kuri 1.

Umurwi wa Olympique Star watsinze umurwi wa Atletico Olympique ibitsindo 3 kuri 1 mu gihe umurwi wa Ngozi City wanganije n’umurwi wa Messager Bujumbura igitsindo 1 ku kindi.

Umurwi wa Vital’O Fc watsinze umurwi wa Musongati Fc igitsindo 1 k’ubusa ,umurwi wa Messager Ngozi watsinze umurwi wa Bumamuru Fc ibitsindo 2 kuri 1.

Umurwi wa LLBS4A watsinze umurwi wa Rukinzo Fc igitsindo 1 k’ubusa.

Inyuma y’izo nkino,k’urutonde mfatakibanza umurwi wa Aigle Noir niwo uza mu kibanza ca mbere n’amanota 38,umurwi uza mu kibanza ca kabiri n’umurwi wa Musongati Fc ufise amanota 31,ubwa gatatu umurwi wa Bujumbura City n’amanota 23.

Kuva mu kibanza ca kane gushika mu kibanza ca 16 arico ca nyuma ,imirwi ikurikirana uku gukurikira Vital’O Fc ,Ngozi City, Rukinzo Fc,LLBS4,Les Lierres,Bumamuru Fc,Flambeau de l’Est,Kayanza United,Messager Ngozi,Olympique Star,Flambeau du Centre,Atletico Olympique,hamwe na Messager Bujumbura uza mu kibanza ca nyuma arico ca 16 n’amanota 7.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
nduwayezu anicet 2018-11-13 21:53:46

yo kwer egle noire iratey imber mbentankur za ormpique sitard?nimumbwir

2
Bite 2018-11-05 17:58:00

ohhhh Vital’o na Messager Ngozi wapi ivyobibanza ntibibereye ama ewuipes azoserukira Igihugu

Kumenyekanisha