
Ubushikiranganji bw’umutekano ,gukinga no gutabara mu gihe c’ibiza n’isibe bumenyeshako abipfuza kwinjira mu ntwazangabo batararonswa impapuro z’umutsindo (Diplomes d’Etat ) bashobora kwiyandikisha bakoresheje impapuro zemeza ko barangije bamenye ikibazo ca Reta zitangwa n’inzego zibijejwe.
Mw’itangazo umushikiranganji w’umutekano ,gukinga no gutabara mu gihe c’ibiza n’isibe yasohoye kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 5 Gitugutu 2018 ,CPC Alain Guillaume BUNYONI amenyeshako abarangije amashure yisumbuye uyu mwaka wa 2018 batararonswa impapuro z’umutsindo nabo nyene bashobora kwiyandikisha bakoresheje impapuro zerekana ko bamenye ikibazo ca Reta.
CPC Alain Guillaume BUNYONI yibutsa ko iyandikwa ry’abo bose bipfuza kwinjira mu giporisi c’Uburundi ryatanguye igenekerezo rya 3 Gitugutu rikazorangira igenekerezo rya 14 Gitugutu 2018.
Uyo mushikiranganji avuga ko no ku misi y’akaruhuko bandika.
Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!