Abisiramu bo mu Burundi bahimbaje umusi mukuru w’Intama “Aïd El-Adha"

0 21-08-2018 - saa 15:10, vianney

Abarundi bahurikiye mw’idini rya Kisiramu bifatikanije hamwe n’abandi bisiramu bo mw’isi kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 21 Myandagaro umwaka wa 2018,mu guhimbaza umusi mukuru w’intama "Aïd El-Adha".

Umuvugizi w’ihuriro ry’abisirmu mu Burundi COMIBU,Kassim JAFFAR amenyeshako umusi mukuru w’intama Aïd El-Adha ari umusi w’umunezero kandi utanga inyigisho kugira umuntu abe umuyoboke abushitse kandi akongera akemera ivyo yiyemeje.

Kassim JAFFAR avuga ko bategerezwa kwisunga inyigisho z’Imana kandi ico biyemeje bategerezwa kugishira mu ngiro.

Uyo avugira COMIBU avuga kandi ko uyo musi mukuru ubigisha gusangira kuko ibitungwa bibazwe bigaburwa mu bice bitatu,igice c’umuryango,ikindi ku babanyi hamwe n’ikindi gice ca gatatu kigenewe abafise amikoro make.

Mw’idini rya Kisiramu bama bahimbaza buri mwaka umusi mukuru w’intama “Aïd El-Adha" mu kwibuka aho Aburahamu yaragiye gutanga umwana wiwe Isaka nk’ikimazi Imana igaca imuha intama mu gishingo c’uyo mwana.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha