Abipfuza kwinjira mu giporisi c’Uburundi batanguye gukora ikibazo

1 6-11-2018 - saa 17:20, vianney

Abipfuza kwinjira mu giporisi c’Uburundi batanguye gukora ikibazo kuruyu wakabiri igenekerezo rya 6 Munyonyo umwaka wa 2018 bikaba bitegekanijwe ko ivyo bibazo bizohera kw’igenekerezo rya 10 Munyonyo umwaka wa 2018 bikabera ku mirwa mikuru y’intara.

Amakuru dukesha ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza avuga ko kuruyu wa kabiri hategekanijwe ikibazo co kwandika ku rwego rw’ibisongerezi naho ejo ku musi wa gatatu hategekanijwe ikibazo kijanye no kwinonora «Pratique » kururwo rwego nyene mu gihe ku musi wa gatanu ariho abo mu rwego rw’intwazangabo bazokora ikibazo co kwandika ku musi wa gatandatu naho bagakora ikibazo co kwinonora «Pratique ».

Ayo makuru avuga ko uwariwe wese yemerewe kuja kuraba ko ico kibazo kiriko kirakorwa kigenda mu muco ariko atawemerewe kwinjira mu mashure ariko akorerwamwo ivyo bibazo mu ntumbero yo kudahungabanya abariko bakora ikibazo.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
NINGABIYE Cassien 2018-11-12 07:47:05

Imenyekanisha ry ukwinjira mu gipolisi niryiza ariko mwari mukeney kuza muratubwira abakenewe uko bangana.kubera iyo dukoze ibibazo kwandika canke kwiruka biravuna ariko ntidushikigwe kubera ubwoko buba bwaserukiwe naba candidat benshi.mwari mukwiy kuza muratubwira igitigri gikenew kubwoko bumwe bumwe.

Kumenyekanisha