
Abakobwa bagera kuri 18 nibo bageze mu gice ca nyuma c’ihiganwa rya Miss Burundi, abo akaba aribo bazotorwamwo umukobwa wa mbere mwiza kandi aciye ubwenge (Miss Burundi 2017).
Ihiganwa ry’igice ca nyuma rizoba kw’igenekerezo rya 22 Mukakaro 2017, abigeme 18 baserukira intara zose zigize Uburundi akaba aribo bazotorwamwo uwa mbere azohabwa agashimwe k’imodoka.
Uwumukurikira (1ere Dauphine) azohabwa agashimwe k’amafaranga y’amarundi umuriyoni umwe n’ibihumbi amajana atanu, uwundi nawe (Deuxieme Dauphine) ahabwe agashimwe k’umuriyoni umwe w’amafaranga y’amarundi.
Abakobwa 18 bageze mu gice ca nyuma c’ihiganwa, hamwe n’intara bazoserukira
1. HATUNGIMANA Orneilla : Bujumbura Mairie
2. MUCO Ariane : Mwaro
3. GATEKA Monia : Cankuzo
4. HABONIMANA Monia : Muramvya
5. NKURIKIYE Kelly : Cibitoke
6. RUPARI Sainte Inès : Rumonge
7. NDACAYISABA Edith Modeste : Kayanza
8. DUKENGURUKE Fleurette : Bururi
9. NIKUZE Annie Bernice : Ruyigi
10. NGABIRANO Kelly Daniella : Bujumbura rural
11. MUGISHA Luce Charlène : BUbanza
12. IRAKOZE Ladouce : Ngozi
13. AKIMANA Arlette : Karusi
14. KEZIMANA Vanessa : Makamba
15. IRAKOZE Vanilla : Muyinga
16. INEZA Synella Noria : Kirundo
17. GAHIMBARE Lyse : Rutana
18. KANEZA Kelcy : Gitega
Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!