Abayoboke b’idini rya Adivantisite bankiwe gutunganya ubugeni hagati mu ndwi

9 18-01-2018 - saa 10:57, IGIHE

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ubuyobozi bw’ishengero ry’aba adivantisite b’umunsi w’indwi, ko ubugeni bushingirwa ku munsi wa gatandatu n’umunsi w’Imana honyene.

Mw’ikete umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE yandikiye ubuyobozi bw’ishengero ry’aba adivantisite b’umunsi w’indwi, abamenyesha ko bamaze iminsi baronka amakete y’abayoboke baryo asaba ko bagira ubugeni hagati mu ndwi.

Muri iryo kete ry’umushikiranganji ryo kw’igenekerezo rya 10 Nzero 2014, Pascal BARANDAGIYE aramutswa ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko gutanga uburenganzira bwo kugira ubugeni hagati mu ndwi vyahagaze, hisunzwe ivyavuye mu mwiherero w’abagize Reta wabaye kuva kw’igenekerezo rya 27 gushika kurya 28 Myandagaro 2017.

Umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE menyesha ko ukwemera kw’aba adivantisite b’umunsi w’indwi kudashobora gutuma baca kubiri n’iyo ngingo, kandi ko noneho Reta y’Uburundi isanzwe idahengamiye kw’idini na rimwe, nk’uko biri mw’ibwirizwa shingiro.

Umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE ahamagarira uwuserukira imbere y’amategeko ishengero ry’abadivantisite b’umunsi w’indwi, kumenyesha abayoboke baryo ibijanye n’iyo ngingo, kugira bayigendereko.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Ndagimana 2018-04-07 07:14:45

Nimutunanye Imigenzo Yiryo Dini Kubere Badahuriza Kumus Umwe Nayandi Madini.

2
Manirakiza Eric 2018-03-31 16:21:39

Iyi ngingo Umushikiranganji wi ntwaro yo haga mugihugu yafatiye ishengero ry’Abadiventista bumusi 7ndumva ariyagahotoro kuko ivyukwizera bifise ivyo bishingiyeko mukaba musa naho mutobiraba mugufata iyo ngingo.Ariko nizere ko uwuriserukira imbere yamategeko kwazogira ico ayivugako namwe mukamwumviriza murakoze.

3
BUKEYENEZA 2018-03-02 09:36:23

Jewe ntangorane nimwe mbona ngaho nntiharongora umusi harongora umuntu.hagati mwiyinga nibabihagarike kuko vyatera akajagari

4
Maria Ntakiruttimana 2018-02-05 22:23:39

Twebwe burya twari tuzi ko umusi w’Imana ari ku musi wa gatandatu, uwo Imana yita umusi w’indwi. Uwoshingirwa kuri dimanche isabato yaraye ihavuye, yoba ashingiwe ku musi w’ibikorwa, niko Imana ibivuga (Yohani 20 : 15). Murantunga kwar’ukubakebura ngo musubiremwo musome Ivyanditswe Vyeranda. Guhahakanira Abadivantiste ngo ntibagire ubukwe hagati mu ndwi bisa no gushigikira ubutumwa bw’ukuri bigisha, kuko ku wa mbere w’imisi indwi (Dimanche), nibaza ko bitobagwa nabi kugira ubukwe. Bibaye nka ca gikere baterera mu mazi, kiti : " Aho ho niho nama". Twebwe ba nyarucari, twipfuza ko mwobaza kuturabira ko izo ngingo mudufatira zihuje n’ivyo Imana ishaka, kugirango igihugu cacu kiyoborwe n’Imana, namwe mube abavugizi bayo gusa, kugira ngo turambe mu migisha yayo, n’igohugu kirambe mw’iteka n’itekane, ducike Israeli y’ukuri. Yesu rero ati " "Mwarazimiye, ko mutamenye ivyanditswe n’ubushobozi bw’Imana." (Matayo 22 : 29)

5
Nyawenda Innocent 2018-01-18 18:40:16

Nanje Njana Ningingo Yisunzwe Guko Simpengamira Idini,ariko Mwobareka Kugirantibat Intumbero ngobitwaz Iyongingo Ngo Magahamo Mubahe Mubahe Dimanche !

6
NTAKIRUTIMANA Sébastien 2018-01-18 17:14:50

NIBINDI BIRACAZA KUKO VYAHANUWE KUVA KERA.

7
Harerimana 2018-01-18 15:25:14

Umusi z’Imana nukuvuga Dimanche ? Ntaco bemeyeko zizoba Dimanche har’ico none ?Ikibazo n’uko tuzohava tubura abadushingira iyo Dimanche. Ivyo bagira vyose bamenye ko tutarota duhonyanga Umusi w’Imana Yejeje ikawuha umugisha ariyo Sabato Imana yatwihereye.

8
MBANZAMIHIGO Aloys 2018-01-18 12:33:40

Umushikiranganji yafashe ingingo ntakindi twohindurako yibukeko ariwo msi wibato

9
niyongabo 2018-01-18 11:48:25

Bibiliya itubarira ko samedi= umunsi w’indwi
dimanche= umunsi wa mbere w’indwi

reka kuza mwitiranya ibintu, ni kuvuga ubugeni bagomba bube kumunsi w’indwi no kumunsi wa mbere.

Kumenyekanisha