Abavyeyi bahamagarirwa kwitaba ibikorwa vy’indwi yahariwe amagara y’umuvyeyi n’ikibondo

0 12-06-2017 - saa 18:16, Egide NDUWIMANA

Ubushikirangaji bw’amagara y’abantu bwatunganije kuri uwu wa mbere mu ntara ya Ngozi inama yo guhimiriza ku ndwi yahariwe amagara y’umuvyeyi hamwe n’umwana, igice ca mbere c’umwaka w’2017.

Muganga Josiane NIJIMBERE, umushikiranganji w’amagara y’abantu, mu nama yahariwe amagara y’umuvyeyi n’umwana yabaye kuri uwu wa mbere, yamenyesheje ko indwi yahariwe amagara y’umuvyeyi n’ikibondo igiye gutangura, ko ari akaryo ko guhimiriza abana bose hamwe n’abavyeyi, bashobore kuronka incanco, kuko mu mwaka uheze hagiye haribonekeza abavyeyi n’abana batitabiriye akamo batewe.

Muganga Josiane Nijimbere yamenyesheje ko ibikorwa bizokorwa muriyo ndwi yahariwe amagara y’umuvyeyi n’ikibondo ko ari gutanga ivyunyunyu vya vitamin A, icunyunyu ca Albendazole hamwe n’urucanco rw’agasama.

Umushikiranganji NIJIMBERE yahamagariye abajejwe intwaro bose kuzofasha guhimiriza abanyagihugu bose kugira bitabire izo canco, abarongoye amashengero nabo akaba yabasavye nabo nyene gufasha guhimiriza.

JPEG - 4.8 Mo
Josiane NIJIMBERE, umushikiranganji w’amagara y’abantu

Iyo nama ku ndwi yahariwe amagara y’umuvyeyi n’ikibondo yabereye ku mugwa mukuru w’intara ya Ngozi, ikaba yakoranije ba Buramatari bose, abakozi bo mu bushikiranji bw’amagara y’abantu hamwe n’abasanzwe bafasha ubwo bushikiranganji.

Ibikorwa vy’ukwugurura iyo ndwi bikazobera mu ntara ya Rumonge kw’igenekerezo rya 19 Ruheshi, bisozerwe kw’igenekerezo rya 22 Rusama 2017.

Mwomenya ko icivugo c’iyo ndwi yahariwe amagara y’umuvyeyi n’ikibondo ari : "Twese duhagurukire rimwe duteze imbere amagara y’umuvyeyi nay’ikibondo."

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha