Abasega mu gisagara ca Bujumbura basaba gushikikirwa

0 7-11-2017 - saa 11:59, IGIHE

Bamwe mu bagendana ubumuga basega abarengana hagati mu gisagara ca Bujumbura basaba ko boronswa umutahe kugira bashobore kwiyungunganya mu buzima bwabo ,ivyo babishikirije inyuma y’imisi mike iheze inama nshingamateka itoye itegeko rivugako gusegerereza bigiye guhanwa n’amategeko.

Mu kiganiro bagiraniye n’ikinyamakuru “IGIHE”, bamwe mu bagendana ubumuga basega hagati mu gisagara ca Bujumbura bashikirije ko ataho bafise boja kuko ubumuga bwabo butuma badakora ibikorwa nk’ivyo kurima n’ibindi bikorwa bisaba inguvu.

Bamwe muribo bavuga ko ku bw’ubumuga bagendana ata kazi na kamwe gakoreshwa amaboko boshobora gukora bagasaba ko boza bararonswa imfashanyo yobafasha buri kwezi kugira ivyo gusegerereza babihebe.

Tubibutse ko kw’igenekerezo rya 30 gitugutu 2017,inama nshingamateka yatoye itegeko mu nteguro nshasha y’itegeko mpanavyaha ko abasegerereza mu barabara canke abakoresha abana mu gusegerereza bigiye gufatwa nk’icaha gihanwa n’amategeko.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha