Abarwaye indwara zo mu mutwe basaba ko ikibazo c’abaganga babakurikirana gitorerwa umuti

0 22-02-2018 - saa 14:55, IGIHE

Bamwe mu barwayi bo ku bitaro bivura indwara zo mu mutwe bita kwa “Legentil” bavuga ko ari ingorane kuri bo kubona abaganga barahagaritse imirimo kuko bituma badakurikiranwa nk’uko bikwiye.

Babishikirije ku munsi wa kabiri, abaganga bakorera kwa Legentil bo muri sendika SINAPA bahagaritse akazi, aho basaba ko baronswa uturusho tw’umwaka wa 2017 hamwe n’amezi 3 y’umwaka wa 2016.

Umwe mu barwayi yavuganye n’ikinyamakuru IGIHE yavuze ko kubona abaganga barahagaritse akazi ari ikibazo ku barwayi,kuko bakenera gukurikiranwa ku munsi, ku munsi.

Uwundi murwayi yavuze ati :“Abaganga batari ku kazi hononekara vyinshi, abarwayi ntibaba bagikurikiranwa neza,ababijejwe babaronse ivyo basaba kugira abarwayi tworoherwe.

Adolphe NIYONGERE aserukira abaganga bahurikiye muri sendika SINAPA baho kwa Legentil amenyesha ko, badatahura igituma umuyobozi mukuru atabaronsa uturusho twabo mu gihe babifitiye uburenganzira kandi n’urwego nshingwantwaro rwo kuri ivyo bitaro rwaramubwiye ko yotanga ubwo burusho.

Adophe NIYONGERE avuga ko batazosubira ku mirimo ivyo basaba bitabonetse.
Twagerageje kuvugana n’umuyobozi mukuru w’ivyo bitaro ariko yatumenyesheje ko aza kuturondera agire ico ashikirije.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha