
Ku ngingo yihanikiriza abigeme n’abagore kuvuza ingoma, aba na bariya barashikiriza ivyiyumviro vyabo.
Annick KABATESI asanzwe arongoye ishirahamwe MURUNDIKAZI Fashion, ishirahamwe risanzwe rihingura rikanadandaza ibintu bitandukanye nk’impuzu, amasakoshi, ibirato, n’ibindi….bivuye mu nsato z’ibiti avuga ati : «Abarundikazi basanzwe bavuza ingoma nta bumenyi bafise ku bijanye n’imiziro ijanye n’akaranga ko kuvuza ingoma. Jewe nakuze numva umugani uvuga ngo ’’akari munda y’ingoma kamenywa n’uwayikanye’’. Bisigura ko hari ibanga ritagenewe kumenywa na bose».
KABATESI arongera akavuga ati : « Kubona ubushikiranganji bwarafashe ingingo yo kwihanikiriza abigeme gukora ku murisho w’ingoma, nuko bwari bwabonye ko imico n’akaranga vyariko birahohotegwa. Ingoma zifise umugenzo wazigenewe, n’insiguro zijanye n’akamaro kazo. Abigeme bahamagariwe kuvyubahiriza, na cane cane kuronswa insiguro z’imigenzo n’imiziro ijanye n’akaranga k’ingoma kugirango ntibibaze ko barenganijwe. »
Annie Bernice NIKUZE, yatowe nk’umwigeme mwiza kandi aciye ubwenge w’umwaka wa 2017, mu gihe yari aramutse ashira ahabona umugambi wiwe agiye gukorerako mu kiringo c’umwaka wose, muri uwo mugambi hakaba harimwo itegugwa ry’umunsi mukuru w’ingoma. Muri uwo mugambi, Miss 2017 Annie Bernice NIKUZE amenyesha ko akaranga kadakwiye guhindugwa.
« Igikenewe suko twoja kubiri n’akaranga, igikwiye n’uko akaranga twogakomeza tukagateza imbere. Ingoma zirafise ukwo zivuzwa, zikagira imiziro n’imigigwa. »
Ndashigikiye ibivyiyumviro vy’ababigeme b’imboneza. Akaranga n’ikintu gikomeye kugihugu n’abakibamwo. Akaranga n’itunga ridasubirizwa kugihugu n’abakibamwo. Ahohambere baratubwirako atamukenyezi canke umwigeme yavuzingoma; none dutakaranga ngo hubahirijwe igitsina kanaka?? Oya, oya, abibazuko bakwiye gusigurirwa ibanga ry’ingoma. kanatsinda n’ibihimba vyayo birerekanako harivyo bisangiye nabo. Bisigurako harihikizira kuribo. Umurisho urafise insiguro. nibatohoze bazobonako iryo tegeko ryaje hageze.