
Ihuriro ry’urwaruka rw’abarundi bahungiye mu Rwanda ryahuriye mu birori vyo guhimbaza umunsi mukuru w ‘umuganuro. Uwo munsi bawuhimbaje ubwa mbere kuva bahungira mu Rwanda.
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko urwo rwaruka rwamenyesheje ko vyahimbaje uwo munsi, mu ntumbero yo gukomeza imico n’akaranga vy’Uburundi.
Urwo rwaruka rwavuze ko ataco bafise ceze haba mu mirima canke ahandi, ariko ko ivyo bitobabuza kwibuka imico y’igihugu cabo.
Muri ivyo birori vyari vyitabwe n’abantu barenga 200, urwo rwaruka rwasangiye infungurwa zigizwe n’ibigori n’ibiharagi, bongera basangira inzoga y’impeke isanzwe ikoreshwa mu manza z’abarundi.
Mu kugerageza kwigana uko vyakorwa aho hambere, urwo rwaruka rwari rwagerageje gushiraho umuhungu afatwa nk’umwami.
Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!