"Abarundi bagiye kubona indemesho y’Imana" - Petero NKURUNZIZA
Yanditswe kuya 14 - Nov - 2017 saa 15:08

Abategetsi batandukanye b’igihugu c’Uburundi, duhereye ku mukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, bitavye igisabisho c’ugusenga hamwe n’ugusangira icayi, igisabisho "Breakfast prayer" catunganijwe n’inama nshingamateka hamwe na nkenguzamateka, mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri.

Ico gisabisho catunganijwe ku civugo : "Tugire ihinduka dukeneye kubona." Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasavye abarongoye Uburundi mu nzego zitandukanye ko bogira ihinduka muvyo bakora, bahinduke babe abatanga iterambere, amahoro, urukundo, amahoro hamwe n’umunezero.

Mw’ijambo ryiwe, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yabwiye abari aho ko ashima ko Uburundi buri mu mahoro n’umutekano mu mpande zose, ahamagarira Abarundi kubandanya kwisonzesha iminsi yose ya kane, nk’uko yabisavye mu gikorane giheruka kubera mu ntara ya Gitega.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yabwiye abari aho ko muri uku kwezi kwezi, Abarundi bagiye kubona hamwe n’ukwakira indemesho y’Imana.

"Imana irakunda Uburundi cane, muve ngaha muremye kubw’aya masengesho y’uno munsi. Uku kwezi tugiye kwinjira mu bindi bintu bidasanzwe aho Abarundi bagiye kubona n’ukwakira indemesho y’Imana. Imana yo mw’ijuru niyo cabona.

Ico gisabisho kibaye ku ncuro ya cumi na kabiri, kikaba cabareye mu gisagara ca Bujumbura.



ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

Izina

Email


IVYIYUMVIRO

ivyo sivyo abarundi dukeneye ubu ntitwozindukira kurya no kunywa aho kuzindukira kumirimo.

2017-11-17 10:26:49

ferdinand woharuguru

hahahahahaha Eric ntukantwenze? who failed and how? mukama wanje. qui n’a rien ne risque a rien. it can not even take a single day to retain burundi if necessary. none nawe ngo "hey succeeded in lybia and irak but they failed in burundi" hahahahaha ahwiiiiiiiii ndahwereye

2017-11-15 16:21:24

Ejo

Ndagukeje ga Mutama Petero, Terera iteka uburundi

2017-11-15 09:56:17

Mutama

is a big sign how Jesus is so strong to keep safe a president of a small country .They succeeded in lybia and irak but they failed in burundi

2017-11-14 17:26:08

eric

IZINDI NKURU

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha
2015 ©. All rights reserved