’’Abaririmvyi n’umuziki ni magiriranire’’-Appolinaire HABONIMANA

0 1er-02-2018 - saa 17:09, IGIHE

Umuririmvyi Appolindaire HABONIMANA, asanzwe aririmba mu mudiho w’indirimbo zitazira Imana" Gospel Music, avuga ko abaririmvyi n’umuziki ari magiriranire.

Appolinaire HABONIMANA, avuga ko mu bisanzwe abaririmvyi bakeneye umuziki, umuziki nawo ugakenera abaririmvyi.

Ati : « Umuziki uradukeneye, natwe turawukeneye. Ni ahacu rero twebwe abaririmvyi dufise iyo mpano kuyivomera, tukayibungabunga, maze mu nyuma nayo itubungabunge, idutunge twebwe n’abacu. »

Joseph TOROBEKA, umuhumure w’imyaka 70, asanzwe acuraranga imvyino za kavukire, asaba abaririmvyi bakunze gusubiramwo indirimbo z’abandi ko bobihagarika.

TOROBEKA avuga ati : « Birababaje kubona umuntu arimye uduharage hageze aho yokwimbuye tukaribwa na murundi, umwana wiwe agahaga abacu bashonje. Mu muziki hari abashaka kwimbura ivyo batarimye. Abantu bakunze gusubiramwo indirimbo z’abandi barakwiye kwikubita agashi. »

Ibikorwa vyo gutanguza iyandikwa ry’abaririmvyi mu gihugu hagati bikaba vyatangujwe aho n’ibiteramo biremeshwa na Femi de J’Abat ubwiwe n’abaririmvyi bakunzwe cane nka Rally Joe, B-Face n’abandi bitegekanijwe

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha