Abaririmvyi Natacha na Sheebah ntibayaze amasigara cicaro

0 24-10-2017 - saa 13:39, Egide NDUWIMANA

Nk’uko yabitangaje avuye i Kampala ko ururirimbo bakoranye na Sheebah ruzosohoka mu ntango z’iyi ndwi, Natacha ntiyayaze amasigara cicaro. Ururirimbo "Wangu" rwasohotse kuri uwu w’Imana.

Kalungi na Ngendabanka Natacha bashikanye ivyo bemeye. Uririmbo "Wangu" bakoranye rwasohotse. Naho biri uko, amakuru ava mu begereye Natacha yari yatangaje ko ururirimbo ruzosohokana n’isanamu yarwo, ariko siko vyagenze. Bashize ahabona amajwi gusa. Tukaba tugiye kubaza mu batanga amakuru kwa Natacha icoba catumye bidasohokera rimwe nk’uko abakunzi biwe bari bavyiteze.

Tubibutse ko Natacha ariko ahiganwa muri Isanganiro Awards n’ururirimbo rwiwe "Iyamirize".

Umviriza ururirimbo "Wangu" rwa Natacha n’umugandakazi Sheebah Kalungi

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha