Abari mw’idini rya "Islam" buca batangura ukwezi kwo kwisonzesha

0 26-05-2017 - saa 13:29, Egide NDUWIMANA

Aburongozi bw’idini rya Islamu mu Burundi bwatangaje ko kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 27 Rusama 2017 ariho amafungo y’ukwezi kwa Ramadhan azotangura.

Mu Kwezi kwa Ramadhan, ni akaryo ku bari mw’idini rya Islam ko kwiyegereza Imana, mu kunagura imigenderanire nayo, na cane cane mu kurangura ibikorwa vy’urukundo, murivyo hakaba harimwo gufasha abakene, abatishoboye hamwe no kugendera abagwayi.

Ukwo kwezi rero kugenewe kwisonzesha no kusenga kugira abari mw’idini rya Islamu barushirizeho kwegera Imana. Ukwisonzesha muri ukwo kwezi kwa Ramadan, gusanzwe gufise intumbero zibiri : gukomeza ubumwe mu miryango mu gihe bariko barasangira ibifungurwa vyo ku mugoroba hamwe no kwiyegereza Imana gusumvya uko bahora babikora.

Ukwosonzesha kukaba ari kimwe mu nkingi zigize idini rya islamu harimwo kwemera Imana imwe rudende, gusenga gatanu ku munsi, gufasha abagowe no kugira urugendo i Maka.

Ukwo kwezi kwa Ramadan kukaba kwanshinzwe kugira kube ukwezi kwo kwisonzesha, ukwezi kw’icenda mu mwaka bivanye n’igihe ukwezi guserukiye. Ivyo bikaba ari itegeko ku mu islamu wese, yaba umugabo, yaba umugore canke umuyabaga.

Muri ukwo kwezi, baributsa abatunzi bose kwibuka no gufasha abagowe, kwitaho abagwaye.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha