Abanyekongo 17 bari bafatiwe mu Rumonge basubijwe iwabo

0 4-10-2017 - saa 06:18, Egide NDUWIMANA

Abanyagihugu 17 bagizwe n’abagabo batandatu, abakenyezi indwi hamwe n’abana bane, bose bo muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo bari bafatiwe kuri uwu wa mbere mu ntara ya Rumonge basubijwe mu gihugu cabo.

Abajejwe intwaro muri iyo ntara ya Rumonge bamenyesha ko batewe amakenga n’abo banyagihugu bavuga ko bari baje mu Burundi kuramukanya.

Mu ntumbero y’ugukingira umutekano w’igihugu, abajejwe intwaro mu ntara ya Makamba bakaba bafashwe ingingo y’ukubasubiza i Baraka, aho bari baje bava.

Abo basubijwe muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo bari bamenyesheje ko baje kuramutsa incuti n’abagenzi babo mu ntara za Bujumbura Mairie, Makamba hamwe n’aho nyene mu Rumonge aho bahagarikiwe.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha