Abanyakaranga n’umu Rappeur bo mu Burundi bakoranye ururirimbo

0 28-11-2017 - saa 14:00, Egide NDUWIMANA

Haraye hasohotse ururirimbo rwakozwe n’abaririmvyi B Face na Afred na Bernard. Ururirimbo ruvugwamwo amamuko y’ingoma, igihe ca mbere zatanguye kuvuzwa. Urwo ruririmbo rukozwe mu mudiho uvanze ibicurarangisho vya kera n’imidiho igezweho.

"Ingoma z’Iwacu" rwaririmbwe n’umu rappeur B Face hamwe n’abaririmvyi b’akaranga Alfred na Bernard bazwi kw’izina rya Nkund’abantu (izina riva ku ruririmbo "Nkund’abantu rwabiciye bigacika rukanatuma abo baririmvyi babiri bamenyekana). Urwo ruririmbo rwakozwe n’umuhinyanyuzi karuhariwe Amir Pro wo muri Ikoh Multiservice.

Alfred na Bernard bumvikana bahamagarira Abarundi gukunda akaranga kabo, bakanagakundisha n’abandi. Baraca ku mayange ubwoko bw’imidiho ivuzwa mu Burundi, bakemanga ko Ingoma ari ik’i Burundi.

B Face nawe yumvikana yibutsa amamuko y’ingoma z’uburundi, akanibutsa ko zatanguye kuvuzwa igihe umwami yari yahunze abari bamuteye. B Face avuga ko ingoma zavugijwe barondeza umwami.

Ururirimbo "Ingoma z’Iwacu" ruvanze amajwi y’ibikoresho vya kera nk’umuduri, ikembe, agahugugu, ingoma hamwe n’ubuhinga bwa none buri mu mudiho wa Rap. Ivyo bisigurwa n’uko ururirimbo rwahuje abanyakaranga n’umu rappeur.

Umviriza aha munsi ururirimbo "Ingoma z’Iwacu"

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha