
Abantu 1031 bagizwe n’abana bo mu mabarabara hamwe n’abakuze 411 basegerereza nibo bafashwe n’igiporisi bongere basubizwa mu miryango yabo n’ubushikiranganji bwo gufata mu nda kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2018.
Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya Ibiza,Pierre NKURIKIYE amenyeshako abo bantu bafashwe bongera basubizwa mu miryango yabo mu kiringo co kuva kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2018 gushika kw’igenekerezo rya 26 Mukakaro 2018.
Ayo makuru abandanya avuga ko abo bose uko ari 1031 basubijwe mu miryango harimwo abangana 139 basubijwe mu miryango iwabo uno musi ku wa kane kw’igenekerezo rya 26 Mukakaro 2018.
Abobantu Kuctahana Nivyo Numbwo Harimwo Abagowe Kandi Biboneka Harimwo Nanone Abagize Gusega Nkumutahe Wokudandaza Abo Rer Bahemukiye Abari Bigorewe
abobo bazoca bigarukira ninko guta umuguruka
bazogaruka bukbuk iyakariy ntigata,mb mwabasubij muhra namaboko gusa?nihatali,muzohava mwirukana ibichomeur ah kubiha akazi.ni dangé kwl