Abakunzi ba Sat-B basubiriye kwerekana urukundo bamukunda mu giteramo ’’Indoto’’

1 8-01-2018 - saa 17:15, IGIHE

Umuririvyi Sat-B yaratunganije igiteramo yise “indoto” kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 7 Nzero 2018. Ico giteramo cabereye kuri Lacosta Beach,abakunzi biwe bamwitavye ku bwinshi, batashe bahimbawe cane.

Igiteramo “Indoto” citabwe n’abakunzi b’umuziki benshi, eka mbere n’abaririmvyi benshi bari bahashitse kugira bafate mu mugongo “King” Sat-B. Clémentine Kavy akaba ariwe muririmvyi yatanguye kuririmba , yakurikiwe na Madiba,hakurikira Kingorongoro, na SwagaTeam.

Imbere y’uko Sat-B atangura kuririmba, barazimije amatara aho baririmbira, uwo muririmvyi akaba yararindiranywe igishika. Yararirimvye arabica biracika,aca ahamagara miss Erica , nabandi baririmvyi nka kebby kugira bamukorere mu ngata.

Abakunzi ba Sat-B ntibahengeshanyije kumusaba ngo agaruke abariwe abandanya kuririmba. Yarabumviye acaragaruka aca asozera igiteramo ku karirimbo gasanzwe gakundwa cane yise “Feel love”.

Muri ico giteramo ,haranzwe umunezo ntangere watumye n’imvubu isohoka mu mazi iza kwirabira ibiriko bibera muri ico giteramo “Indoto”.

.Ariko ngo nta “nyambo ibura agahonzi”. Ico giteramo cari gitegekanijwe ko gitangura isaha umunani (14h) catanguye igihe c’isaha cumi nazibiri zirenga.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Bigirimana innocent 2018-06-25 08:17:10

Andika hano

Kumenyekanisha