Abakirisu basabwa gusabira amahoro ibihugu bifise umutekano muke

2 22-02-2018 - saa 11:59, IGIHE

Inama y’abepisikopi Gatorika mu Burundi CECAB (Conference des Eveques Catholiques du Burundi) imenyesha ko k’umusi wa gatanu w’indwi ya mbere y’ikarema, kw’ igenekerezo rya 23 Ruhuhuma 2018, ari umusi udasanzwe w’ugusenga no kwisonzesha kugira amahoro aboneke, mu Burundi.

Mw’itangazo ryateweko umukono n’umunyamabanga mukuru w’inama y’abepisikopi mu Burundi Patiri Lambert NICITERETSE amenyesha ko uwo musi uzohimbazwa mu ntumbero yo kwitaba akamo batewe n’umukuru wa Ekereziya Gatorika kw’isi Papa Fransisiko,mu ntumbero yo gusaba amahoro.

Iryo tangazo rivuga ko Papa Franisiko yatumiriye abakirisu bose kwisonzesha no gusenga afatiye ku mabi hamwe n’amatati yibonekeza mu mihingo itandukanye yo kw’isi. Patiri Lambert NICITERETSE avuga ko, ako kamo katatewe abakirisu b’abagatorika gusa n’abatari abakatorika bashobora kwifatanya n’abandi kur’uwo munsi.

Patiri Lambert NICITERETSE , umunyamabanga mukuru w’inama y’abepisikopi mu Burundi amenyesha ko ,umukuru wa Ekereziya Katorika kw’isi asaba buri muntu gukora igikorwa kiboneka kugira amahoro aboneke.

Papa Fransisiko yavuze ko buri muntu yokwibaza ati :“Mbega nokora iki jewe nyene kugira ngo amahoro aboneke ?”

Kur’uwo musi, Papa Fransisiko yasavye ko muri ico gisabisho bosabira amahoro ibihugu vya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya kongo hamwe n’igihugu ca Sudani y’Epfo.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Niyogusenga Japhet 2018-02-23 23:10:29

Mumeny Ko Turi Mumisi Yanyuma Umuntu Akwiy Kwiyeza Bigishoboka. Kuko Yesu Yaravuz Ko Mumisi Yiherezo Ubwami Ko Buzotera Ubundi. Umuhungu Na Se Ko Bazoryana Nn Vyarjshits

2
Maria Ntakirutimana 2018-02-22 16:05:38

Ekleziya none ntiyemera ko mu Burundi dufise amahoro ? Bashaka ayandi mahoro ameze gute ? Nta gihugu na kimwe kuri iyi si kigira amahoro 100%, ahubwo abashaka gusenga, nibasengere Reta n’abayiyoboye kugirango Imana ibahe ubwenge n’ubukerebutsi bwo kuyobora igihugu mu nzira nziza imisi yose, kandi bakiyobore nkuko Imana y’Uburundi ishaka.

Kumenyekanisha