
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yategetse ko gushika kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2017, ingo zose mu Burundi zoba zubatswe biciye mu mategeko. Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bumenyesha ko igikorwa casabwe naba Buramatari bose co gutegura urutonde rw’ingo zose z’Abarundi zubatswe bidaciye mu mategeko kizohera kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi 2017.
Therence NTAHIRAJA, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, amenyesha ko inyuma y’iryo sansuma ry’ingo zubatse bitazwi n’amategeko, igikorwa kizoba gisigaye ari ic’ukwiyandikisha imbere y’amategeko (Etat Civil), abagabo bose bafise abagore barenga umwe bagasabwa ko gushika kuwa 31 Kigarama 2017 boba bahejeje kwandikisha umugore umwe imbere y’amategeko.
Umugabo wese afise abagore barenga umwe asabwa guhitamwo umwe yandikishwa mu mategeko (Etat Civil) nk’uko amategeko y’Uburundi ajejwe ingo n’imiryango abisaba. Ku kibazo c’uwo umugabo yohitamwo, mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bagira bati :
"Twebwe twarahanuye ko vyoba vyiza uwo mugabo ahisemwo umugore mukuru batanguye kubana, ariko afise uburenganzira bw’ugutora uwo yumva akunda gusumba uwundi."
Ku kibazo c’abagore bazoba batahiswemwo, mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bavuga ko abana bavyaranye n’uwo mugabo bazoguma bakingiwe n’amategeko, ariko bakavuga ko uwo mugore atandikishijwe atazoba akingiwe n’amategeko.
"Abo bana barandikishwa mu mategeko, kuko ni ab’uwo mugabo, kandi ategerezwa kubakurikirana kuko ni abiwe."
Bamwe mubo mw’idini rya Isiramu bamenyesha ko iyo ngingo ari iyihohotera uburenganzira bahabwa n’amategeko y’Imana yemerera abagabo kubana n’abagore barenga umwe. Abo bemerera ivyanditswe mu gitabu c’ikorowani (Coran) bavuga ko ata muntu n’umwe canke itegeko na rimwe ryari rikwiye kuvuguruza ivyashikirijwe n’intumwa y’Imana Mohamed.
Ewe Noko Akobwa Aribeshi Ahungu Kakaba Aribake .Wumva Akobwa Badajocababura Agabo? Ahungu Tubakeya!
Abagore Bacu Iyotwanditwe Baca Baza Baradusuzugura.
None Mwibaniye Neza Jewe Ndibaza Niyo Mutokwandikwa Ntangorane.
None Kuburyonkuntu Amaze Kuveresa Yosubira Akaromgora Ntangorane Muzompe Reponse Kwel
Andika hano: Jewe nko kurizo nkuru kabisa mugihe cubu tugezemwo sico gutora abagore barenze umwe.nkanj ndacari musore,iciyumvir nkico iwanje ntaconiyumvir.biraye kabisa namwe muravye.
MUTAMA NAKOMERE KWERI YARI YARATEVYE NUBUNDI. PEE NDUMVA KUBA ISLAM ARI IKIBAZO NONE SE BIZAGENDA GUT? REKA TUBIRORERE MUGA NIBAZA K ATA DINI IZA ISUMBA LETA.
ivyobint Ndumva Bitokunda Non Kucusang Bose Warabapfuye Atanumwe Wumva Wohtamw Uwund Umurek!
Jewe Ndumva Bizogorana,eseko Ingingo Ifashwe Iba Ifise N’ibihano,uwuzorenga Ivyo Azohanwa Gute?