
Abafungwa bo mw’ibohero rikuru ryo mu ntara ya Gitega baraye bagumutse ku masaha y’inyuma y’umutaga wo kuruyu wa kane igenekerezo rya 11 Gitugutu umwaka wa 2018 muruko kugumuka batera amabuye hanze yiryo bohero.
Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiringanji bw’umutekano no kugwanya ibiza, Pierre NKURIKIYE amenyeshako abo bafungwa kugira bagumuke bitwaje amavuta yatanzwe n’ishirahamwe ryitaho imbabare CICR yari yabitswe mu ngunguru mu gishingo co kubikwa mu mabido ariko imfungwa ziravyanka baca baragumuka.
Ayo makuru avuga ko abo bafungwa batera amabuye hanze bagerageza kubomora umuryango mukuru kugira batoroke ariko igiporisi caciye gikoresha ivyuka bikorera amosozi kugira babateshe.
Ayo makuru abandanya avuga ko igiporisi casubije ibintu mu buryo ubu ari agacerere.
Pigap sana kukuntu abaskari bacungera umutekano biratangaje cane ukuntu batsinze abagwanisha amabuye ! None konkeka mugasho atamabuye aboyo bobayakuyehe?
Ugira Ivyo Nivyovyatumye Bagumuka?Wap Harikindicabitumye Amavuta Ntibahora Bayarya Avuy Mungungur?Bagombagutoroka Sha Pigap Ukunt Abapolic Bacungera Umutekano.
kominekigambintarayacankuzo
emwe baracagumutse kuk ubu baragowe nayo yomungunguru bazoyakena!!P